Vital’o FC na Delta Star kugira ishike mu rukino rwanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu basezereye iyihe migwi?

Murizo nkino 5 ino migwi yakinye dusanga ko umugwi wa  Vital’o FC ariwo mugwi watanye mu mitwe n’imigwi ikomakomeye, umwe wo mu cicaro ca mbere, 3 yo mu cicaro ca kabiri hamwe n’umugwi umwe ukina amahiganwa yo muntara (Championnat Local), mugihe umugwi wa Delta Star wo wasezereye umugwi umwe wo mucicaro ca mbere, 2 yo mucicaro ca kabiri hamwe n’iyindi migwi 2 isanzwe ikina amahiganwa yo muntara (Championnat Local).

Mugihe kuruyu wa gatandatu itariki 23 ruheshi uyu mwaka turimwo, Vital’o FC na Delta Star zizotana mu mitwe mu rukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu urukino rutegekanijwe kuzobera i Gitega ku kibuga Ingoma. kugira ngo ino migwi ishike kuri runo rwego nuko yakinye inkino 5.

                                        Www.magaratimes.com Umugwi wa Vital’o FC ku kibuga Ivyizigiro

Murizo nkino 5 ino migwi yakinye dusanga ko umugwi wa  Vital’o FC ariwo mugwi watanye mu mitwe n’imigwi ikomakomeye, umwe wo mu cicaro ca mbere, 3 yo mu cicaro ca kabiri hamwe n’umugwi umwe ukina amahiganwa yo muntara (Championnat Local), mugihe umugwi wa Delta Star wo wasezereye umugwi umwe wo mucicaro ca mbere, 2 yo mucicaro ca kabiri hamwe n’iyindi migwi 2 isanzwe ikina amahiganwa yo muntara (Championnat Local).

Uku niko iyo migwi ya Delta Star na Vital’o FC yagiye iratsinda iyo yindi migwi:

Delta Star:

Rusizi FC 1-2 Delta Star

Delta Star 5-2 Santé FC

Club Matana  0-2 Delta Star

Delta Star 2-0 Muzinga FC

Delta Star 4-0 Olympic Star.

 Vital’o FC:

Kiganda City 1-12 Vital’o FC

Vital’o FC 2-0 Kayanza Utd

Rumonge City 0-0 Vital’o FC (Penalty 4-2)

Vital’o FC 0-0 LLBS4A (Penalty 3-1)

Vital’o FC 2-1 BS Dynamik

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: