Inter Stars yamenyekanishije uwundi muyobozi mushasha aje gufasha uyu mugwi kugaruka mu mateka yawo.

Umugwi wa Inter Stars warakorotse icicaro uva muri Primus Ligue uja muri Ligue B aho warumaze imyaka 29 ukina mu cicaro ca mbere.

Umuguwi wa Inter Stars urongowe na Bizimana Hussein (Eto’o), kuruyu wa gatatu itariki 20 ruheshi 2018 waragize inama yo kumenyekanisha umuyobozi mukuru (President Manager General) Mrisho Djuma Chamalilo.

Muriyo nama yatumweko n’umurongoye umugwi wa Inter Stars, Bizimana Hassein (Eto’o) yitabirwa n’intararibonye zigize uyo mugwi wa Inter Stars, intumbero yayo yariyo kumenyekanisha izindi nzego zigize uyo mugwi ahanini umuyobozi mukuru wa Inter Stars, Mrisho Djuma Chamalilo, icegera ciwe nuwitwa Nzeyimana Yassini, umunyamabanga mukuru Adidja Kiburugutu, umuyobozi ajejwe ubuhinga Omar Afya.

Umugwi ujejwe ibikorwa vyuwo mugwi uhurikiyemwo intararibonye, abakinyi bakinye kera muri Inter Stars nabo naba bakurikira:

Mzee Radjabu Djumapili

Mzee Rurameze Ahmad (Meze)

Mzee Ali Hassani (Seth)

Mzee Kassim Mtambara

Rusegura Abdi

Jean Marie Vianney

Nzeyimana Yassini

Omar Afya.

Abo bose bakaba bateye umukono ku rupapuro rwemeza uyo muyobozi mukuru wa Inter Stars, Mrisho Djuma Chamalilo. Twobibutsa   ko Umugwi wa Inter Stars warakorotse icicaro uva muri Primus Ligue uja muri Ligue B aho warumaze imyaka 29 ukina mu cicaro ca mbere. Akabazo benshi bibaza mbega izi nzego nshasha ziyongeye muruno mugwi zoba zije gukemura ibibazo vyari bisanzwe biri muruno mugwi? Reka ibihe bizotubwira.

Akabazo benshi bibaza mbega izi nzego nshasha ziyongeye muruno mugwi zoba zije gukemura ibibazo vyari bisanzwe biri muruno mugwi? Reka ibihe bizotwishura.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares