Vital’o FC ihejeje gutwara igikombe kigira kabiri citiriwe umukuru w’igihugu ibanje kunyagira Delta Star.

Vital'o FC igiye guserukira igihugu c'uburundi mu mahiganwa y'imigwi yatwaye ibikombe iwabo

Murukino rwanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu rwabereye ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega kuruyu wa gatandatu, umugwi wa Vital’o FC watahukanye ico gikombe ubanje kunyagira umugwi wa Delta Star ibitsindo 3-1, ibitsindo bibiri vya Christian Mbiri na Ngenzi Issa mugihe igitsindo co kwiyoza amarira ca Delta Star cinjijwe na Dusabe Olivier.

                                                                     Www.magaratimes.com

Vital’o FC itwaye igikombe cabo kigira kabiri muri kino gikombe citiriwe umukuru w’igihugu, kuko no muri 2015 bari baratwaye ico gikombe barikumwe n’umumenyereza Jean Gilbert Kanyenkore, Vital’o FC mu mwaka uza bakazoserukira igihugu c’uburundi mu mahiganwa y’imigwi yatwaye ibikombe iwabo  (Coupe de la Confédération) ku mugabane wa afrika.

Kuva aho Kanyenkore agarukiye mu mugwi wa Vital’o FC uyu mwaka yashitse ahereza  uyo mugwi igikombe mugihe warumaze hafi umwaka wose atagikombe utahukanye. Imiriyo zitanu za mafranga ya marundi niyo umugwi wa Vital’o FC utahukanye uno munsi.

Vital’o FC ukaba usigaje igikombe kimwe gusa kugira ngo uhamvye Lydia Ludic wo usanzwe ufise ibikombe bi tatu vyitiriwe umukuru w’igihugu.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: