Ibikorwa vy’Iterambere Rusangi Ngo Nivyo Bigiye Guhanishwa Abantu Bazoba Baciriwe Umunyororo w’Imyaka Ibiri Canke Iri Musi.

Laurentine KANYANA yamenyesheje kandi ko uwo mugambi uzotuma n’imibereho y’abantu itera imbere na rirya abo badafunwze bazoheza bagafasha mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere rusangi nko kwubaka amashure, gutera ibiti ku mitumba, kwimba imikobeko, bagafasha kwubaka amabarabara kandi bakabikora ku buntu mu kiringo kingana n’imyaka baciriwe.

ccopyright@Human Rights Watch

Ibikorwa vy’iterambere rusangi ngo nivyo bigiye guhanishwa abantu bazoba baciriwe umunyororo w’imyaka ibiri canke iri musi. Ivyo bikaba vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji  w’ubutungane Laurentine KANYANA aho yari mu ntara ya Gitega gutanguza uwo mugambi. Ngo uwo mugambi uzorangurwa n’ubwo bushikiranganji bufadikanijwe n’ishirahamwe ‘’BERA INTAHE ‘’ barikumwe n’inzego zose z’ubutungane hamwe n’abajejwe  intwaro n’umutekano.

Nkuko uwo mushikiranganji yabishikirije ngo uyo mugambi urafise akamaro kanini ku gihugu kuko bizotuma uwakoze icaha adafunggwa akagumana ukwidegemvya, ikindi naco ngo bituma abafungwa bataba benshi leta nayo ikaronka agahengwe muvyo ibafashisha.

Laurentine KANYANA yamenyesheje kandi ko uwo mugambi uzotuma n’imibereho y’abantu itera imbere na rirya abo badafunwze bazoheza bagafasha mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere rusangi nko kwubaka amashure, gutera ibiti ku mitumba, kwimba imikobeko, bagafasha kwubaka amabarabara kandi bakabikora ku buntu mu kiringo kingana n’imyaka baciriwe.

Laurentine KANYANA  yarangije asaba abashikiriza manza kubanza kwihweza neza uburemere bw’icaha cakozwe imbere yo gusaba ivyo bihano hanyuma abacamanza kuraba neza ko bibereye ko hotangwa ivyo bihano. Abajejwe intwaro nabo  bokwerekana ibikorwa abo bantu bofashamwo. Co kimwe n’amashirahamwe ajejwe ivy’agateka ka zina muntu ngo yofasha mu kwegeranya abo bantu.

Abajejwe umutekano nabo ngo bocungera aho abo bantu bazoba bariko barakorera kugira ntihagire uwuja kubihora ngo ntibahanywe.

 

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: