Umukinyi bivurwa ko yasinye muri Musongati FC ahubwo ko yaguzwe burundu n’umugwi wa Flambeau Du Centre.

Intambara hagati ya Musongati FC hamwe na Flambeau Du Centre yo kurwanira Djuma Muhamed.

Umugwi wa Musongati FC uherutse gushira ahabona ko wagiranye amasezerano n’abakinyi 11, murabo harimwo Djuma Muhamed, uyu nawe bivurwako atarivyo, ahubwo ko yaguzwe burundu n’umugwi w’umukeba wayo Flambeau du Centre.

Page facebook ya Musongati FC Gitega

Umukinyi Djuma Muhammed yahora akinira umugwi wa Musongati FC mu mwaka uheze yagurishijwe burundu muri Flambeau Du Centre, nkuko tubisanga mw’ikete ry’igura nigurishwa umugwi wiwe wa Zebre FC wagiranye amasezerano na Flambeau Du Centre, ivyo bikaba bije inyuma yaho Musongati FC iherutse gushira ahabona urutonde rw’abakinyi 11 imaze kugiranirana amasezerano murabo bakinyi izina rya  Djuma Muhamed rikaba ririmwo, mugihe muri rino kete ryigura nigurishwa ryerekana ko yagurishijwe burundu muri Flambeau Du Centre hamwe n’umugwi wiwe wa Zebre FC.

Ibibazo nivyinshi two kwibaza, mbega Musongati FC yoba yarashatse kwerekana ko yaguze Djuma Muhamed kugira ntihagire uwundi mugwi umurondera?

Canke Djuma Muhamed yoba ari ikirira habiri ashaka kurya amafaranga ya Musongati FC na Flambeau Du Centre?

Canke ni Zebre FC umugwi wiwe washatse kurya amafaranga menshi gusumba ayo bari bahawe na Musongati FC mugihe bivurwa ko akayabo k’imiriyoni 10 niyo avurwa ko yatanzwe na Flambeau Du Centre? N’inkuru tuzobandanya tubatohoreza.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: