Uwigeze kumenyereza umugwi wa Olympic Star yasinye mu mugwi wa Inter Stars.

Karumba Jean Tigana aje gufasha Inter Stars kugaruka muri Primus Ligue.

Umugwi wa Inter Stars uzokina mu cicaro ca kabiri mu mwaka uza wasinyishije amasezerano y’umwaka umwe umumenyereza Jean Karumba batazira « Tigana ».

          Karumba Jean Tigana iburyo yambaye ikoti hanwe n’umunyamabanga mukuru wa Inter Stars

Umugwi wa Inter Stars wakorokeye mu cicaro ca 2 muri Ligue B, washize ahabona  mw’ijoro ryo kuruyu wa mbere rishirra uyu wa kabiri ko wagiranye amasezerana y’umwaka umwe n’umumenyereza  Karumba Jean Tigana uyu nawe akaba aje afise igikorwa co kugarukana  umugwi wa Inter Stars mu cicaro ca mbere.

Uburambe mu mahiganwa atandukanye ya hano iwacu ndetse no mukarere nibwo buranga Karumba Jean Tigana,  aho yaramenyereje imigwi itandukanye mu cicaro ca mbere nka Olympic Star hamwe n’imigwi yose isanzwe iri muri Academie Messager, mukarere naho amenyereza umugwi wa Muungano wo muri Congo amenyereza kandi imigwi ya Rusizi FC, Elite yo mucicaro ca kabiri.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: