Ngozi City iri mubiganiro n’umumenyereza yigeze kumenyereza kera umugwi wa Les éléphants.

Partick Nshimirimana umumenyereza wa Ngozi City yoba agiye gusubirizwa.

Umugwi wa Ngozi City wo mu ntara ya Ngozi, mu mwaka uheze wahatswe gukoroka icicaro, uri mubiganiro n’umumenyereza Alexis Harimenshi, kugira ngo aze amenyereze uyo mugwi w’igikundiro c’abanyengozi.

Umugwi wa Ngozi City warusanzwe umenyereza na Partick Nshimirimana, uri mu biganiro n’uwundi mu menyereza, Alexis Harimenshi nkuko tubikesha abasanzwe begereye cane uyo mumenyereza. Ayo makuru nyene aremeza neza ko uyo mumenyereza atankeka iyo ibiganiro bigenze neza n’abarongoye Ngozi City arashobora guca asinya amasezerano ubu vuba.

Alexis Harimenshi n’umumenyereza amenyereya amahiganwa. Amaze guca mu migwi itandukanye, yigeze kumenyereza umugwi wa Les éléphants womu ntara ya Bubanza, aca muri Les Guêpiers Du Lac i Makamba, aca muri Royale FC, Royale Star imigwi y’umuhisi Oscar Ndayiziga, aca mu migwi ya Kerebuka FC w’abigeme i Makamba hamwe na Anaconda yahora ari ishure ry’umupira wa maguru rya Vital’o FC.

Alexis Harimenshi niyaramuka asinye amasezerano nuwo mugwi, akabazo twoca twibaza mbega akazoza ka Partick Nshimirimana koba arakahe muruyo mugwi?

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: