Aya niyo mafaranga Djuma Muhamed yaguzwe na Flambeau Du Centre.

Ikiguzi c'imiriyoni hati ya 10 na 12 niyo Djuma Muhamed yoba yaguzwe na Flambeau Du Centre imukuye muri Zebre FC.

Umusatirizi wo kuruhande w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 hamwe n’umugwi wa Musongati FC, Djuma Muhamed aheruka kugurwa burundu n’umugwi wa Flambeau Du Centre, biravugwa ko yoba yaguzwe imiriyoni ziri hagati ya cumi na cumi na zibiri.

Djuma Muhamed murukino rwa kivandimwe intamba mu rugamba U-20 yariko itana mu mitwe na Musongati FC.

Soma kandi: Djuma Muhamed ntazoja muri Flambeau Du Centre muruno mwaka, kiretse ko agiye kuguma muri Musongati FC.

Amakuru dukesha abasanzwe begereye umugwi wa Zebre FC wagurishijwe Djuma Muhamed ndetse n’abegereye Flambeau Du Centre baguze burundu uyo mukinyi amenyesha ko uyo mukinyi bamuguze imiriyoni ziri hagati ya 10 na 12 za mafaranga y’amarundi. Ivyo bikaba bije inyuma yaho Djuma Muhamed mukiganiro yahaye magaratimes yabeshujwe ko atarayo mafaranga yaguzwe ariko atashimye kuvuga amafaranga yaguzwe.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: