Djuma Muhamed ntazoja muri Flambeau Du Centre muruno mwaka, kiretse ko agiye kuguma muri Musongati FC.

Djuma Muhamed aracafise umwanya wo kubandanya akinira Musongati FC ikindi kiringo c'umwaka umwe naho yaguzwe na Flambeau Du Centre.

Umusatirizi wo kuruhande w’umugwi wa Musongati FC, Djuma Muhamed aheruka kugurwa burundu n’umugwi  wa Flambeau Du Centre imukuye mu mugwi wiwe wa Zebre FC, kugiciro batashimye kumenyesha, uyo mukinyi naho yaguzwe na  Flambeau Du Centre ariko ntazoja muruyo mugwi muruyu mwaka w’inkino wa 2018-2019 ahubwo ko azowujamwo muri 2019-2020.

Mukiganiro yahaye Ikinyamakuru Www.magaratimes.com DJuma Muhamed aremeza amakuru amuvurwako ko yaguzwe burundu na Flambeau Du Centre, kandi ko yavyakiriye neza ndetse yarubahirije ingingo yafashwe n’abarongozi biwe bo mu mugwi wa  Zebre FC. Djuma Muhamed yagize ati « Nivyo ayo makuru nari nsanzwe ndayazi kuko vyabaye arihondi, kugurishwa burundu muri Flambeau Du Centre navyakiriye neza cane, kandi ko ntegerezwa kw’ubahiriza inkingo yafashwe n’abarongozi banje bo muri Zebre FC »

Kubijanye nuko yoba yarasinye kare muri Musongati FC ntavyo ahakana, kuko yaje kugurwa na Flambeau Du Centre amaze gusinya amasezerano yo kuguma muri Musongati FC, Djuma Muhamed ati « Ego ayo masezerano arahari, niyo mpamvu mvuga ko nshobora gukina uno mwaka wa 2018-2019 muri Musongati FC hama muwundi mwaka nzoca nja mu mugwi wanguze wa Flambeau Du Centre »

Kugira ngo Djuma Muhamed agurwe burundi  na Flambeau Du Centre hama agume muri Musongati FC, vyavuye ku mwumvikano iyo migwi yose ibiri yo mu ntara imwe ya Gitega yagiranye ko Djuma Muhamed yoguma ngaho muri Musongati FC uyu mwaka, hanyuma umwaka ukurikira agaca yerekeza icese muri Flambeau Du Centre.

Ikibazo co kugurwa burundu muri Flambeau Du centre, Djuma Muhamed aracakira neza cane kuko we ntakindi atari kwubahiriza ingingo yabamurongoye.

kubijanye n’akayabo kamafaranga imiriyoni 10 avurwa ko ariyo yaguzwe, Djuma Muhamed we avyamirira kure ariko abishiramwo igipfungu cinshi cane aho yagize ati « Oya  ayo makuru siyo ariko mugabo kuvyerekeye ayo mafaranga, n’ibanga rwanje n’abaturongoye »

Djuma Muhamed avuga kandi ko kuja muri Flambeau Du Centre ntivyanezereje abakunzi ba Musongati FC ariko akabasaba kw’ihangana, abakunzi ba Flambeau Du Centre abasaba kumurindirana igishika cinshi cane. Ikibazo ca mafaranga ahebwa muri Musongati FC yamenyeshe ko ari ibinga ryiwe kandi ko atobishira hejuru.

Murashobora kwumviriza  kandi Djuma Muhamed muri kino kiganiro yaduhaye ngaho hasi kuri ryo ijwi.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: