Ibihuha bivurwa kwigura n’igurisha ry’abakinyi kumugabane wa buraya, vyo kuruyu wa kane.

Manchester City iri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Napoli, Manchester United nayo iri hafi yo kwongereza amasezerano umukinyi wabo wohagati, Chelsea na Manchester United bariko bagwanira umusatirizi wa Bayern Munich.

Manchester City iri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Napoli, Manchester United nayo iri hafi yo kwongereza amasezerano umukinyi wabo wohagati, Chelsea na Manchester United bariko bagwanira umusatirizi wa Bayern Munich.

                                                                Ifoto y’ikinyamakuru TalkSport

Umugwi wa Manchester City uri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Napoli  Jorginho ku giciro c’imiriyoni 43£ nkuko bivurwa n’umuserukizi wiwe, Joao Santos aho yamenyesheje ko amaze kugenda mu bwongereza kuvugana na Manchester City hakaba hasigaye ko umuyoboze wa Napoli, Aurelio De Laurentiis ko yemera kurekura uyo mukinyi yigire. (Daily Mirror)

Manchester United iri hafi yo kumenyesha ko yagiranye amasezerano y’imyaka 2 na Marouane Fellaini yo kuguma muruyo mugwi. (The Daily Telegraph).

Chelsea na Manchester United iyo migwi yose iripfuza umusatirizi wa Bayarn Munich, Robert Lewandowski, nkuko amakuru abivuga.(The Sun).

Tottenham barekuye imiriyoni 23£ k’umusatirizi wa Nice Alassane Plea, nkuko amakuru ava mugihugu mugihugu c’ubufaransa abimenyesha (The Sun).

Jurgen Klopp aripfuza umukinyi wa Real Madrid Marco Asensio (Daily Star).

Gareth Bale umusatirizi wo kuruhande wa Real Madrid ategekanije kugirana ibiganiro na Florantino Perez mugihe bivurwa ko Manchester United imwipfuza nkuko uwumuserukira, Jonathan Barnett yabimenyesheje (Daily Star).

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: