Inzego z’umugwi wa Olympic Star ziri mubiganiro n’uwahoze amenyereza umugwi wa Flambeau de l’est.

Inyuma yo kunanirana na Isamail Jean Marie Nduwantara basimbiye kuwahoze amenyereza Flambeau de L'est

Inyuma yo gutandukanya n’umumenyereza Hussein Wello, umugwi wa Olympic Star warumaze imisi itari mike urondera umumenyereza yoza ku musubirira. Muramwwe mu mazina avurwa muruyo mugwi wa Olympic Star ko yoza gusubirira Wello, harimwo irya Haruna Ferouzi.

Amakuru yo kwizera ava muruyo mugwi wa Olympic Star atumenyesha ko kuva ku musi w »ejo inzego zuyo mugwi zatanguranye ibiganiro na Haruna Ferouzi ko yoza gufata ikibanza ca Hussein Wello aherutse kuva muruyo mugwi, ivyo bikaba bije inyuma yaho Olympic Star bananiranye n’uwundi mumenyereza bari batanguranye ibiganiro nawe suwundi ni Ismail Jean Marie Nduwantare, uyu we mu mwaka uheze yamenyereje ikiringo gitoyi  umugwi wa Delta Star, nkuko ayo makuru nyene abandanya abitumenyesha.

Haruna Ferouzi akaba amaze imisi ibiri ari mugisagara ca Muyinga kuvugana n’inzego zuyo mugwi wa Olympic Star.

Mugihe Haruna Ferouzi yogirana amasezerano na Olympic Star yo kumenyereza uyo mugwi, ntuzoba ubaye umugwi wiwe wa mbere wo mucicaro ca mbere amenyereje amaze guca mu migwi itandukanye nka Flambeau de l’est, Les Lierres, Les Jeunes Atheletics, Les éléphants, aca muri Vital’o FC nk’icegera ca Jean Gilbert Kanyenkore. Hambavu yivyo Haruna Ferouzi yarakinye umupira wa maguru yakina kuruhande rwo kuzibira,  yamenyekanye ane nk’umukinyi  ahanini igihe yakina  muri Vital’o FC bamutazira « Fello »

Mwomenya kandi ko Haruna Ferouzi asanzwe afise impamya bushobozi y’ubumenyereza A, (Licence A).

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: