Umugwi wa Gormahia wo muri Kenya wasinyishije umukinyi w’umurundi.

Umukinyi wa kera wa Muzinga FC, moustapha Francis yasinye muri Gormahia.

Umugwi wa Gormahia wo mugihugu ca Kenya wasinyishije, umukinyi w’umurundi asanzwe akina hagati  kuruhande rwo gusatira, Moustapha Francis batazira «Ndjali», imukuye muri Kiyovu Sports yo mugihugu  c’Urwanda aho yarasanzwe akinira uyo mugwi ikiringo c’imyaka 2.

Kuruyu wa gatanu itariki 29 Ruheshi 2018 niho umugwi wa Gormahia wabishize ahabona ko wagiranye amasezerano na Moustapha Francis Ndjali, vyari bimaze imisi bivurwa ko uyo mukinyi umwanya n’umwanya ashobora gusinya muruyo mugwi none vyahavuye biba ukuri. Moustapha Francis akaba agiye guhemwa ku kwezi, ibihumbi ijana na mirongo itanu vya mashilingi yama Kenya (150.000 Ksh) akaba angana n’amadorari igihumbi n’amajana atanu ku kwezi (1500 USD).

Moustapha Francis mu mugwi wa Gormahia, agiye gusangamwo uwundi mukinyi w’umurundi, Nizigiyimana Karim batazira Makenze afise imyaka itari mike muruyo mugwi.

Uyu musore w’imyaka 22, Moustapha Francis Ndjali hano iwacu yaciye mu mugwi wa Muzinga FC aca muri Vital’0 FC ikiringo gitoyi cane aho yaciye yerekeza muri Kiyovu Sports none avuye muri Kiyovu Sports agiye muri Gormahia.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: