Ikinyamakuru magaratimes cabateguriye amakuru y’inkino aroshe avurwa hano iwacu, ndetse no ku mugabane waburaya.

Umviriza amakuru aryoshe y'inkino kuri Magaratimes

Mukiganiro c’inkino c’ikinyamakuru canyu, Magaratimes cabateguriye, co kuruyu w’imana itariki 1 mukakaro 2018, turagaruka kumakuru avurwa muri Cecafa Kagame Cup, ibihuha vy’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu migwi ya hano iwacu, hama dusimbire no ku mugabane wa buraya mw’igura n’igurishwa ndetse no mu gikombe c’isi yose. Mwagiteguriwe na Magaratimes mugishikirizwa nanje Ismail Kwizera batazira Nahodha.

                                                         Amakuru y’inkino kuri Magaratimes

Lydia Ludic Burundi Sport 4Africa yaserukiye uburundi muri Ceaca Kagame Cup iriko ibera muri Tanzaniya, ntivyagenze neza murukino rwabo rwambere.

Inter Stars inyuma yo kuzana umemenyereza Karumba Jean Tigana baripfuza abakinyi basanzwe bafise amazina akomeye hano iwacu. Ngozi City yipfuza umemenyereza yoza gusubirira Partick Nshimirimana. Musongati FC na Flambeau Du Centre intambara irabandanya kuri Djuma Muhamed.

Iburaya Ibihuha vy’igura n’igurishwa Chelsea ku munsi wa mbere izogena umumenyereza mushasha, Ancelotti aripfuza Karim Benzema, Messi na Ronaldo imigwi yabo yasezerewe bavuga iki inyuma yo gusezera  inkino z’igikombe c’isi yose?

Ayo makuru n’ayandi menshi ni murino rino jwi (Audio) aha hasi

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares