Amakuru y’inkino aryoshe y’ikinyamakuru MagaraTimes ko kuruyu wa gatatu.

Ntucikwe n'amakuru y'inkino aryoheye ugutwi ku kinyamakuru cawe.


Ikinyamakuru canyu MagaraTimes cabateguriye amakuru y’inkino aryoshe cane yo kuruyu wa gatatu, itariki 04 mukakaro 2018.

 

Ingingo nkuru nkuru zigize kino kiganiro nazo n’izi zikurikira:

Turahera hano iwacu aho umugwi wa Transport FC wo mucicaro ca kabiri umaze kwakwa ikibanza ca kabiri kigahabwa Bumamuru.

LLB yaserukiye uburundi muri Cecafa Kagame Cup inyuma yo gutsindwa na Port noneho yanganije.

Amakuru avurwa mugikombe c’isi yose kiriko kibera mu gihugu c’uburusiya uko vyifashe n’ukuntu ibihugu bigiye guhura nuko bizohura no mugice ca kabiri gishira icanyuma.

Ibihuha bivurwa kw’igura n’igurishwa ry’abakinyi iburaya, Christiano Ronaldo muri Juventus, umugambi ugomba guhirikwa na Man Utd.

Real Madrid irabeshuza kuvya ivuzweko ko yoba yipfuza Kylian Mbappé.

Inter De Milan ibandanya izana abakinyi batari bake.

Ayo n’ayandi menshi ni muri kino kiganiro ngaho hasi mwateguriwe na Www.magaratimes.com mu kagishikirizwa nanje Ismail Kwizera Nahodha.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: