Aya namwe mu mazina akomeye cane y’abakinyi bipfuzwa n’umugwi wa Inter Stars.

Alexis Kitenge na Shassir Nahimana baripfuzwa n'umugwi wa Inter Stars.

Inyuma yo kuronka umuyobozi mukuru mushasha Mrisho Djuma Chamalilo, umugwi wa Inter Stars uripfuza bamwe mu bakinyi bakomeye cane batagikina hano iwacu nka Shassir Nahimana yahora akinira umugwi wa  Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda hamwe na Alexis Kitenge yahora akinira umugwi wa Tusker wo muri Kenya.

Amakuru dukesha abegereye umugwi wa Inter Stars, atumenyesha ko uyo mugwi wipfuza kugura bamwe mu bakinyi bakomeye kugira ngo baze gupfasha Inter Stars kugaruka mu cicaro ca mbere, bamwe murabo bakinyi bipfuzwa ni nka Shassir Nahimana umukinyi wa kera wuyo mugwi nyene, ayo makuru nyene akavugako Shassir Nahimana yoba yaremeye gufasha uyo mugwi kugaruka mu cicaro ca mbere (Primus Ligue) ariko akaba yarabasavye kumugurira inzu yo muri zone Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura, ico Inter Stars yabonye ko ari amananiza. Mwomenyako Shassir Nahimana murikino gihe yibereye i Bujumbura inyuma yo kwanka kujana na Rayon Sports muri Cecafa Kagame Cup iriko ibera mu gihugu ca Tanzaniya.

Alexis Kitenge yahora akinira Tusker yo mugihugu ca Kenya nawe nyene ari mu bakinyi bipfuzwa nuyo mugwi, uyu nawe nkuko ayo makuru nyene ava mubegere cane Inter Stars abandanya abitumenyesha nuko yasavye uyo mugwi kumuha umushahara ungana incuro zibiri nuwo yahora ahembwa muri Tusker, ico Inter Stars ikimbandanya yiyumvirako. Alexis Kitenge umusatirizi wa kera wa Athletico Olympic nawe nyene muri kino gihe akaba arikumwe na LLBS4A muri Cecafa Kagame Cup.

 

 

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares