PSG yipfuza guha umushahara mwinshi cane N’Golo Kanté kugira ngo imukure muri Chelsea.

PSG yateguye igitero sindamusiga kuri N'Golo Kanté.

       

Ntibikiri ibanga, umugwi wa Paris St Germain uripfuza umukinyi wo hagati wo kuruhande rwo kuzibira. Umukinyi PSG yashize imbere n’umukinyi wa Chelsea, N’Golo Kanté afise imyaka 27. Nkuko tubikesha ikinyamakuru Paris United. 

Umuyobozi ajejwe inkino mu mugwi wa Paris St Germain, Antero Henrique biravurwa ko yoba amaze kwumvikana n’uwuserukira N’Golo Kanté ndetse umushahara ungana n’imiriyoni 15 za manyaburaya niyo bumvikanye ko uyo mukinyi wiwe azohembwa ku mwaka mugihe yokwemera kuza muruyo mugwi. Nkuko ico kinyamakuru nyene kibandanya kibimenyesha.

Nubwo biruko ico kinyamakuru kibandanya kimenyesha kandi ko ivyigurwa ryuyo mukinyi muri Paris St Germain bikiri kure gatoyi, kubera ko uyo mukinyi atarafata ingingo kubijanye n’akazoza kiwe muri Chelsea kandi ko yipfuza kuzoganira n’umumenyereza mushasha wa Chelsea ashobora kuba Maurizio Sarri, inyuma y’igikombe c’isi yose 2018. Chelsea nayo ikaba itipfuza kuvuga kuvyerekeye akazoza kuyo mukinyi wabo mugihe  Chelsea itaragena icese umumenyereza mushasha yoza gusubirira Antonio Conte.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares