Iyugururwa Icetse Kuri Uno Wa Kane ry’Ihayanishwa Gurisha ry Ibidandazwa Bihingurirwa mu Burundi

Joseph BUTORE agasaba ko mu mwaka uza ubushikiranganji bujejwe ubudandaji bufadikanijwe n’abakora ivyo gutegura ihayanishwa gurisha ko botanga ubushimwe ku mashirahamwe ya mbere azoba yerekanye ivyakorewe mu burundi gusumba ayandi.

Ngo abarundi barakwiye guhindura ivyiyumviro bagahingura bakongera bagakoresha ibintu vyakorewe mu Burundi kurusha ivyavuye mu mahanga. Iyo niyo mpanuro icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yahaye abarundi aho hugururwa icetse kuri uno wa kane ku kibuga tempête ihayanishwa gurisha ry’ibidandazwa bihingurirwa mu burundi. Joseph BUTORE abonako aribwo buryo bwo guteza imbere amahinguriro n’ibidandazwa vyo mu Burundi.

Umupfasoni asanzwe ari umurimyi mu ntara ya Bubanza  yari muri iryo hayanishwa gurisha avuga ko  akunguko ari kenshi ngo naho atohakura amafaranga menshi mu bidandazwa vyiwe, ahakura ubumenyi bwinshi buvuye mu bandi badandaza bahahurira. Izindi nyungu nuko umuntu ahura n’abantu benshi kandi akamenya n’ibintu vyinshi.

Umushingantahe nawe twahasanze asanzwe ari umworozi w’inzuki ava mu ntara ya Mwaro avuga ko kuza mw’ihayanishwa abantu baza bamutumbera bakamenya  kandi bagatahura akamaro kibihingurirwa mu Burundi batari basanzwe bazi. Ngo rero yaje cane cane gukundisha abantu mu kubabwira akamaro ntangere inzuki zifitiye abantu.

Joseph BUTORE nawe avuga ko ico gikorwa kizokwama gitunganwa buri mwaka mu Burundi mu karere canke mu makungu mu ntumbero yo gushigikira abagwizatunga.

Joseph BUTORE agasaba ko mu mwaka uza ubushikiranganji bujejwe ubudandaji bufadikanijwe n’abakora ivyo gutegura ihayanishwa gurisha ko botanga ubushimwe ku mashirahamwe ya mbere  azoba yerekanye ivyakorewe mu burundi gusumba ayandi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: