Musongati FC yongereje amasezerano Trésor Akimana, yongera izana Fabrice Girukwishaka.

Umugwi wa Musongati FC urabandanya wiyubaka mukugura ndetse no kwongereza amasezerano abakinyi batandukanye.

Umugwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega, washize ahabona kuruyu wa gatanu, itariki 06 Mukakaro uyu mwaka nyene, ko wongereje amasezerano umukinyi  Trésor Akimana yahora akinira uyo mugwi nyene akaba agiye kubandanya akinira Musongati FC umwaka wiwe wa kabiri wikurikiranya, inyuma yo kuva muri Vital’0 FC mu mwaka w’inkino wa 2016-2017.

Girukwishaka Fabrice batazira «Fafa» yahora akinira umugwi wa Olympic Star nawe nyene akaba  yasinye amasezerano yo gukinira umugwi wa Musongati FC ikiringo kitamenyeshejwe.

Mwomenyako abo bakinyi babiri baje biyongera mu bandi bakinyi batari bake umugwi wa Musongati FC wamenyesheje ko wagiranye nabo amasezerano.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: