Intamba mu rugamba U-17 urutonde rw’abakinyi 18 bazokwerekeza muri Zambia bashizwe ahabona.

Intamba mu rugamba U-20 ejo aho bukera barafata indege izogana mu gihugu ca Zambia mu rukino rwa mbere rwo muri tour ya 3ariyo yanyuma kurondera itike yo kuja muri Niger

Kuruyu wa kabiri niho umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 Joslin Bipfubusa yasohoye urutonde rw’abakinyi icumi n’umunani (18) azokwifashisha mu rukino azotana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Zambiya wabatarenza imyaka 20 mu rukino rwa mbere rwo kurondera itike yo kuja muri CAN 2019 izobera mu gihugu ca Niger. Bikaba vyitezwe ko kuruyu wa gatatu bazoca burira indege izobajana mu gihugu ca Zambiya.

Urutonde rwabo bakinyi naba bakurikira:

1. RUKUNDO Onésime
2. NDUWIMANA Haile Shalom
3. SELEMAN Moustafa
4. MURYANGO Moussa
5. NDORIYOBIJA Eric
6. HAKIZIMANA Héritier
7. BIGIRIMANA Ramadhan
8. NDAYE Chancel
9. MBIRIZI Eric
10. MURYANGO Mabano Shabani
11. NSHIMIRIMANA Jospin
12. NTIRWAZA Sudi
13. DJUMA Muhamedi
14. KANAKIMANA Bienvenue
15. RAMADHAN Pascal
16. SHAKA Bienvenu
17. BRANDON Taylor Anscombe Chebby
18. MAVUGO Cédric

Mwomenya ko umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba U-20 niyavyitwaramwo neza mu nkino zi biri zizoyihuza na Zambiya izoca ironka uburengazira bwo guserukira uburundi muri Niger muri 2019.

 

 

 

 

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: