Inter Stars izokina Ligue B ariko ikagura abakinyi bibihangange bo muri Primus Ligue.

Inter Stars ntaco yipfuza gusigaza munzira kuruhande rw'igura n'igurishwa ry'abakinyi.

Umugwi wa Inter Stars uzokina ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri, Ligue B mu mwaka uza urabandanya wikomeza mu kugura abakinyi batandukanye bibihangange basanzwe bakina icicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi. Inyuma yo kurondera Nahimana Shassir baramubura kuberako yabasavye ico bo bise amananiza ashima kwigira muri kiyovu Sports   noneho yahavuye ironka umukinyi w’inyuma afise izina rikomeye cane Burundi, Rugonumugabo Stéphane.

Kuruyu wa kabiri mu masaha y’ijoro niho umugwi wa Inter Stars washize ahabona ko basinyishije umukinyi w’inyuma yahora akinira umugwi wa LLBS4A, Rugonumugabo Stéphane aze gufasha uyo mugwi ufise inyota yo kugaruka mu cicaro ca mbere, Primus Ligue Burundi.

Rugonumugabo Stéphane inyuma yo guca mu migwi itandukanye nka Aigle Noir, Flambeau de l’est, Vital’0 FC na LLB birumvikana ko muruyu waka azokina icicaro ca kabiri Ligue B yambaye umwambaro wa mabara yirabura nayere Inter Stars canke Inter Mabawa.

Inter Stars ikaba kandi yarashize ahabona abandi bakinyi nka Chuwi Lewis yahora akinira iyo mugwi nyene kera. Uhereye iburyo ni Chuwi Lewis, Taraq na Rugonumugabo Stéphane

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: