Primus Ligue Burundi, n’abahe bakinyi bahetse imigwi yabo mu mwaka w’inkino 2017-2018?

Abakinyi batandukanye bagiye barigaragaza muri Primus Ligue Burundi barikumwe n'imigwi yabo muruyu mwaka uheze..

Nkuko bisanzwe bimeze kw’isi yose mu migwi itandukanye, iyo uvuze umugwi kanaka uca ubona izina ry’umukinyi umwe aseruka imbere ya bandi bose baba bagize uyo umugwi, ndetse niwe aba ahetse uyo mugwi nubwo adakina ariwenyene mukibuga. Akarorero kahafi, uvuze umugwi nka FC Barcelona  uca ubona ubwonyene Lionel Messi mugihe mu misi y’inyuma uvuze umugwi wa Real Madrid C.F  benshi baca babona  Cristiano Ronaldo nubwo aherutse kuva muruyo mugwi aja muri Juventus.

Ivyo bikaba biruko nyene nahano iwacu mu migwi isanzwe ikina mu cicaro ca mbere Primus Ligue Burundi ahanini bagaragaye muruyu mwaka uheze wa 2017-2018.

Ubu ni bumwe muburorero bwa hafi bwimwe mu migwi itandukanye:

Iyo uvuze umugwi wa  Olympic Star Muyinga uca ubona ubwonyene umusatirizi wabo Slim Saidi yafashije uyu mugwi ibitari bike muruyu mwaka uheze aho yafashe ikibanza kigira kabiri mu batsinda ibitsindo vyinshi muri Primus Ligue.

Mu mugwi wa Le Messager FC ubona kizigenza wayo Urasenga Cédrick Danny mugihe mu myaka yi nyuma benshi babona Enock Nsabumukama yagurishijwe muri ZESCO United FC.

Mu mugwi wa Vital’o Footbal Club uca ubona ubwonyene umunyegori wayo Jonathan Nahimana yagaragaye cane gusumba n’abakinyi bimbere buyo mugwi.

Mu mugwi wa AIGLE NOIR FC uca ubona umusatirizi wayo Shaka Bienvenue Shaka Bienvenue yawutsindiye ibitsindo 29 muruyu mwaka w’inkino uheze.

Mu mugwi wa Flambeau de L’Est umusatirizi, Murutabose Hemed niwo mukinyi yagaragaye cane aho yatsindiye uyo mugwi ibitsindo bitari bike kuburyo yari yibagije abakunzi buyo mugwi umukinyi wabo Adil, amaze imyaka itari mike muri Flambeau de l’est.

Mu mugwi wa Les Lierres FC  , umukinyi yigaragaje cane n’ikizigenza wabo Kwizera Eric batazira « Kirungo »  kuburyo yabaye umukinyi umwe rudende wuyo mugwi ari mu ntamba mu rugamba zabatarenza imyaka 20.

Mu mugwi wa Bujumbura City hagara gayemwo cane umusore  yitwa Mbirizi Eric akina hagati mu kibuga, asanzwe ari na kizigenza wa Buja City ikiringo kitari gito kuva ku ntwaro ya Michel Tuhabonye.

Mu mugwi wa Delta Star nubwo wakorotse icicaro umukinyi Jospin Nduwimana asanzwe akina hagati mukibuga niwe yagaragaye cane kuburyo yahamagawe mu ntamba za batarenza imyaka 20.

Mu mugwi wa Inter Stars nawonyene wakorotse icicaro umukinyi wabo wo hagati Hakizimana Hamim batazira « Hafidh » yaragaragaye cane muruno mugwi muhe wari umwaka wiwe wa mbere akinye mu cicaro ca mbere.

Umusatirizi wo  kuruhande, Djuma Muhamed agaragara arikumwe n’umugwi wiwe wa Musongati FC aho uyo mukinyi yakinyi hafi nka zose.

Mu mugwi wa Ngozi City umukinyi wabo wo hagati Armel Ezra niwe yagara gaye cane gusumba abandi muruyo mugwi.

Ivyo biruko mugihe bamwe murabo bakinyi bagaragaye bari kumwe niyo migwi yabo mu mwaka uza ntawo kwemeza ko bazoguma muriyi migwi.

 

 

 

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares