Messager Ngozi yaguze abakinyi babiri bavuye mu mugwi wumukeba wayo Ngozi City.

Messager Ngozi igura abakinyi bo mu mugwi w'umukeba wabo Ngozi City.

Umugwi wa Messager Ngozi uzoserukira igihugu c’uburundi mu mwaka uza mu nkino z’imigwi yatwaye amahiganwa yo mubihugu vyabo CAF Champions League yo ku mugabane wa  afrika. Mu ntumbero yo kuzo serukira neza igihugu, uyo mugwi umaze gutangura kugura bamwe mu bakinyi bazowufasha murizo nkino. Messager Ngozi ikaba iherutse gushira ahabona ko yaguze abakinyi babiri bavuye mu mugwi wa Ngozi City, abo nabo ni Irakoze Pavel na Congera Frank nkuko vyamenyeshejwe nuwurongoye uyo mugwi Manirakiza Marc Pochen yabivugiye mu kiganiro yahaye i radio Umuco FM yo mu ntara ya Ngozi, nkuko kandi tubisanga kurubuga rwa Facebook rwa Messager FC.

Mwomenyako umugwi wa Messager Ngozi udafise umugenzo ko kugura abakinyi bava muyindi migwi kiretse ko bagura abakinyi basanzwe bagize iryo shure ry’umupira wa maguru ariko muriyi myaka yinyuma basigaye bagura nabava hanze yiryo shuri ariko nahonyene bagura abakinyi bo muri Ngozi City umukeba wabo, inyuma yo kuzana Onésime Rukundo mu mwaka uheze noneho bazanye abo nabo.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: