Intamba mu rugamba U-20 zaronse uburenganzira bwo kuzoja mu gikombe ca CAN U-20.

Intamba mu rugamba U-20 zigiye kuzoserukira igihugu c'uburundi muri CAN U-20.

Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 zaronse uburenganzira bwo kuja mu gikombe ca afrika ca batarenza imyaka 20, CAN U-20 kizobera mu gihugu ca Niger muri 2019, inyuma yo gutsinda igihugu ca Zambia U-20 ibitsindo bi tatu ku busa (3-0) mu rukino rwo gusubiriza rwabaye kuruyu w’imana ku kibuga Urukundo mu ntara Ngozi.

Pascal Ramadhan, Shaka Bienvenue na Akimana Bienvenue nibo bafashije intamba mu rugamba U-20, gusezerera Zambia U-20 muri zino nkino mugihe Zambia U-20 yari yarasinze kimwe ku busa (1-0) intamba mu rugamba U-20 mu rukino rwa mbere mu gihugu cabo. Uteranije inkino zose zi biri urwambere nurwo gusubiriza Burundi U-20 ifise ibitsindo bitatu kuri kimwe ca Zambia U-20 (3-1) gutyo ivyo bikaba bihagije ku ntamba mu rugamba U-20 kuzoseruka mu gikombe ca CAN U-20 kizobera mu gihugu ca Niger muri 2019.

Mwomenyako atari ubwambere ku gihugu c’Uburundi gushika muri runo rwego kubatarenza inyama 20 bagiye kuzoserukira igihugu mu gikombe ca afrika ca batarenza imyaka 20 ubwanyuma hari 1994.

 

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: