Ibihuha vy’igura n’igurishwa ku mugabane wa buraya bivurwa n’ibinyamakuru bitandukanye vyo kuruyu wa kabiri.

Chelsea igiye kwanka amafaranga ya Barca, Everton igiye kuzana abakinyi ba 2 ba Barca.

Footmercato

Umugwi wa Chelsea ngo urashobora kwanka gukorana ivyashara na FC Barcelona nubwo bariko baratanga imiriyoni 70£ kuri Willian (The Sun).

Wolves barafise icizere co gusinyisha abakinyi ba biri muriyi ndwi, Joao Joao Moutinho umukinyi wo hagati wa AS Monaco hamwe n’uwundi wo kuruhande rwo kuzibira wa Celta Vigo Jonny Castro (The Sun).

Abakinyi 10  ba Livepool  bari hafi yo kuva muruyo mugwi murabo harimwo Loris Karius na Danny Ings    bari mururwo rutonde rwa bakinyi batipfuzwa na Jurgen Klopp (Daily Mail).

Jose Mourihno azoha uruhursha umukinyi Anthony Martial rwokuva muri Manchester United mu migwi  idakina Premier League (The guardian).

Leicester City yaragiranye ibiganiro na Jordan Ayew umunya Ghana asanzwe akinira Swansea City kugira ngo imuzane muruyo mugwi ni mugihe mukuru wiwe Andre Ayew basanzwe bakinana ari hafi yo kuja mu mugwi wa Fenerbahce kugatizanyo (The Times).

Paris St Germain iriko iripfuza umukinyi winyuma wa Tottenham Jan Vertonghen mugihe uyo mugwi wiwe ugifise icizere ko ashobora gusinya amasezerano mashasha yo kuguma muruyo mugwi (The Times).

Elseid Hysaj umukinyi w’inyuma wa Napoli hamwe na Jorginho umukinyi wo hagati wuyo mugwi barashobora gukurikira umumenyereza wabo wa kera Maurizio Sarri muri Cheslea (The Times).

Evarton iracari mu biganiro na FC Barcelona ku mukinyi Lucas Digne ikagira icizere kandi ko ishobora kuronka Yerry Mina umukinyi winyuma wa FC Barcelona (Daily Express).

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: