Primus Ligue Burundi ubu vuba ihiganwa ry’umwaka 2018-2019 rigiye gusubira gutangura.

Primus Ligue Burundi umwaka mushasha wa 2018-2018 igikombe kizotahukana nde? canke Messager Ngozi izokigumana?

Ihiganwa rikuru ryo mu gihugu c’Uburundi rizwi nka Primus Ligue ubu vuba rigiye gusubira gutangura mu mwaka waryo mushasha wa 2018-2019. Iryo higanwa risanzwe rifatwa mu mugongo n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi BRARUDI ryatanze ikiringo inkino zizotangurirako, ni kw’itariki 18 Myandagaro 2018 nkuko tubikesha Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB. Inkino zikomakomeye nizo zitegekanijwe  mundwi yaryo ya mbere nka Aigle Noir izokwakira Vital’0 FC, Musongati FC yo mu ntara ya Gitega nayo murukino rwayo rwa mbere izokwakira Olympic Star yo mu ntara ya Muyinga mugihe Bumamuru FC iherutse kuduga icicaro ikazotana mu mitwe n’uwundi mugwi uherutse kuduga mu cicaro ca mbere Rukinzo FC umugwi w’igiporisi.

Inkino zi tanu (5) nizo zitegekanijwe gukinwa mundwi  ya mbere ya Primus Ligue Burundi ku bibuga bitandukanye.

Itariki 18 Myandagaro 2018 ku munsi wa Gatandatu:

13H00: Ku kibuga Ingoma i Gitega: Flambeau Du Centre VS Messager Bujumbura.

15H00: Ku kibuga Ingoma i Gitega: Aigle Noir VS Vital’0 FC.

13H00 ku kibuga Urunani mu Cibitoke: Bumamuru FC VS Rukinzo FC.

15H00 ku kibuga Urunani mu Cibitoke: Atheletico Olympic VS Ngozi City.

15H00 Ku kibuga Urukundo i Ngozi: Kayanza United VS Les Lierres FC.

Itariki 19 Myandagaro 2018 ku munsi w’imana hazokinwa inkino zi tatu (3).

15H00: Ku kibuga Ingoma i Gitega: Musongati FC VS Olympic Star.

15H00 ku kibuga Urunani mu Cibitoke: Bujumbura City VS Lydia Ludic S 4 Africa.

15H00 Ku kibuga Urukundo i Ngozi: Messager Ngozi VS Flambeau De L’est.

Twobibutsa ko mu mwaka uheze wa 2017-2018 iryo higanwa ryatahukanywe n’umugwi wa Messager Ngozi, imigwi nka Les Jeunes Athletics, Inter Stars na Delta Star niy yakorotse icicaro ni mugihe imigwi ya Kayanza United, Rukinzo FC na Bumamuru FC ariyo migwi yaduze mu cicaro ca mbere.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares