Abana 14 Bagizwe n’Abigeme 12 Hamwe n’Abahungu 2 Bafatiwe i Mugina Muri Komine Mabanda Nu Ntara ya Makamba Kuri Uyu w’Imana.

MBARUBUKEYE Prime akaba amenyesha yuko abo bana bose ubu bafungiwe mu gipolisi c’i Mabanda ngo kandi bose bari bagiye kudandazwa mu gihugu ca Oman bacishijwe mu gihugu ca Tanzania. Mbarubukeye Prime akamenyesha kandi yuko bose bava mu gisagara ca Bujumbura.

Abana 14 bagizwe n’abigeme 12 hamwe n’abahungu 2 nibo bafatiwe i Mugina muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba kuri uyu w’Imana.

MBARUBUKEYE Prime umukuru w’ishirahamwe ryishinze kurwanya urudandaza rw’abantu hamwe n’amabi akorwa abakenyezi n’abana avuga ko abo bana bari bajanywe kudadanzwa mu gihugu ca Oman.

Ngo abo bana bafashwe rero kuri uyu w’Imana n’igipolisi ku mupaka u Burundi buhana na Tanzania ahantu hitwa i Mugina muri Komine Mabanda province ya Makamba.

MBARUBUKEYE Prime akaba amenyesha yuko abo bana bose ubu bafungiwe mu gipolisi c’i Mabanda ngo kandi bose bari bagiye kudandazwa mu gihugu ca Oman bacishijwe mu gihugu ca Tanzania. Mbarubukeye Prime akamenyesha kandi yuko bose bava mu gisagara ca Bujumbura.

MBARUBUKEYE Prime akaba  asaba leta ko yokora ibikorwa biboneka kugira urudandazwa rw’abantu ruhagarara na cane cane itange imitahe mitoto ku rwaruka, ku bakenyezi, hamwe no ku bantahonikora kugira ngo bashobore kudandaza biteze imbere.

MBARUBUKEYE Prime asaba kandi yuko u murundi wese yohaguruka agasemerera kugira ngo arwanye urwo rudandaza rw’ikiremwa muntu.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: