Messager Ngozi FC yabateguriye ikirori ca gakura, Peace And Love nabo bazoryosha ico kirori.

Messager Ngozi FC igiye kwigina itsinzi y'igikombe ca Primus Ligue Burundi irikumwe n'abakunzi bayo.

Mu ntumbero yo kwigina itsinzi y’igikombe ca Primus Ligue Burundi 2017-2018 irikumwe na bakunzi bayo, Messager Ngozi FC yabateguriye ikirori ca gakura kizobera mu ntara ya Ngozi kuruyu wa gatandatu itariki 28 Mukakaro 2018.

Ico kirori kizoteramishwa n’umugwi w’umuziki Peace and Love basanzwe baririmba indirimbo za Karaoke, Ico kirori kikazobera ahitwa kuri salle Nazareth (kurya Mivo), Abategetsi, abanditsi n’abamenyeshamakuru batandukanye bakaba batumiwe murivyo birori. Kwinjira n’amafaranga ibihumbi bi tanu (5000Fbu).

Messager Ngozi FC ikaba iteguye ico kirori inyuma yo gutwara igikombe cabo ca mbere ca Primus Ligue Burundi kuva ugitangura gukina mu cicaro ca mbere muri 2012.

Mwomenyako Umugwi wa Messager Ngozi FC ariwo uzoserukira igihugu c’Uburundi mu nkino zi migwi yatwaye amahiganwa yo mubihugu vyabo, CAF Champions League ku mugabane wa Afrika.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: