Musongati FC mu nkino za kivandimwe ibiharuro sivyiza kandi si bibi.

Musongati FC mu nkino za kivandimwe ibiharuro sivyo kwishimira kandi sivyo kugaya.

Mu ntumbero yo kwitegurira neza ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ryo mu mwaka mushasha wa 2018-2019 vuba rigiye gusubira gutangura, Umugwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega, urabandanya ukina inkino za kivandimwe, aho kuruyu w’imana uyo mugwi witeguriye kuzotana mu mitwe n’umugwi wa Aigle Noir FC ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega.

Musongati FC ku kibuga Ingoma

Urwo rukino ruzoba rubaye urugira kane rwa kivandimwe Musongati FC ikinye. Ikaba imaze gukina inkino zishika kuri zitatu, murizo Musongati FC ikaba imaze gutsinda rumwe, inganya rumwe, itsindwa urundi rumwe.

Soma Kandi: Primus Ligue Burundi ubu vuba ihiganwa ry’umwaka 2018-2019 rigiye gusubira gutangura.

Murukino rwambere rwa kivandimwe, Musongati FC yatsinze Uvira Sport yo mugihugu kibanyi ca Congo RDC ibitsindo bi tatu kuri kimwe (3-1), Musongati FC itsindwa na Aigle Noir FC ibitsindo bine kuri bitatu (4-3), Musongati FC inganya bibiri ku bindi na Kayanza United (2-2).

Urwo rukino Musongati FC igiye gutana mu mitwe kuruyu w’imana, rugira kabiri  ihuye na Aigle  Noir FC muri zino nkino za kivandimwe uriko urakina.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares