Umugwi wa Ngozi City ugiye gukina inkino zo kwitegurira ihiganwa rishasha rya Primus Ligue Burundi.

Ngozi City igiye gutangura kwitegurira Primus Ligue mu gukina inkino nyinshi za kivandimwe.

Umugwi wa Ngozi City wo mu ntara ya Ngozi, ugiye gukina inkino zitari nke za kivandimwe zo kwitegurira ihiganwa rishasha rya Primus Ligue Burundi ry’umwaka wa 2018-2019. Murizo nkino rumwe igiye kurukina kuruyu w’imana ku kibuga Agasaka aho uza gutana mu mitwe n’umugwi wa Flambeau De L’est wo mu ntara ya Ruyigi.

Urundi rukino Ngozi City izokina rutegekanijwe itariki 5 Myandagaro 2018 ukazokina n’umugwi wa Messager Ngozi FC abakeba babo basangiye intara, urwo rukino rukazobera ku kubuga Urukundo kugasozi ka Buye.

Mwomenyako Ngozi City igiye gukina izo nkino za kivandimwe mugihe iherutse gutakaza bamwe mu bakinyi bayo  nka Congera Frank na Irakoze Pavel abo nabo bakaba baherutse kugurwa n’umugwi wa Messager Ngozi FC, Nzeyimana Abdoul Karim nawene yavuye muri Ngozi City yigira muri LLB hamwe na Armel Azra bivurwa ko nawenyene ashobora kuva muruyo mugwi  akigura mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: