Ngibi ivyaranze Messager Ngozi FC 2005-2018.

Messager Ngozi FC mu nyaka itari myishi ifise ariko umaze kwandikisha amateka menshi.

Umugwi wa Messager Ngozi FC watanguye kubaho mu mwaka wa 2005, usanwze uhurikiyemwo abakinyi bi mvukira y’intara ya Ngozi hamwe nabo mu micungararo yaho. Abo bakinyi bakaba baregeranijwe hamwe ivyo navyo bikaba vyaratumye uyo mugwi utera imbere ni ngoga, kuburyo mu myaka 10 uyo mugwi watanguriyeko gukina inkini zizwi na mategeko umaze gutwara igikombe ca Primus Ligue Burundi.

Aya namwemurayo mateka Messager Ngozi imaze kwandikisha:

 2005-20O7 ico gihe uyo mugwi nta mahiganwa wakina kiretseko warondera abakinyi ukabigisha umupira uri mu buryo bugezweho.

2008-2009 ukina ihiganwa rya bakiri bato (Cadets) uba uwambere.

2009-2010 ukina icicaro ca gatatu (Championnat Local) yo mu ntara ya Ngozi utahukana ikibanza ca kabiri.

2010-2011 ukina icicaro ca gatatu (Championnat Local) utahukana ikibanza ca mbere uca uraduga muri Ligue B.

2011-2012 ukina icicaro ca kabiri Ligue B mu ntara hagati, ukina inkino zi biri za majonjora urwo gutangura nurwo gusubiriza aho watanye mu mitwe n’umugwi wa  Wazee FC wo mu ntara ya Rumonge, uratsinda uca uraronka amahirwe yo kuja muri Primus Ligue Burundi. Ico gihe nyene wasezerewe mugice ca 4 gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu na Olympic Star.

2012-2013 Primus Ligue Burundi, ufata ikibanza ca 5 muri Primus Ligue Burundi,  inyuma ya Flambeau de l’est, Athletico Olympic, Vital’0 FC na LLB

-Usezererwa mu gice ca 4 gishira icanyuma na LLB kuri penalty.

2013-2014 uba uwa 4 muri Primus Ligue.

-Utsindwa mu rukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu na LLB.

2014-2015 itahukana ikibanza ca 3 muri Primus Ligue.

-Usezererwa mu gice ca kane gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

2015-2016 utahukana ikibanza ca kabiri muri Primus Ligue.

-Utahukana igikombe citiriwe umukuru w’igihugu utsinze Vital’0 FC kuri (Penalty 5-4) inyuma yo kunganya 1-1 mu rukino.

2016-2017 utahukana ikibanza ca gatandatu muri Primus Ligue.

-ufata ikibanza ca kabiri mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

-Utahukana igikombe c’ubumwe.

-Usezererwa na Zesco United kwi tour ya 2 y’igikombe c’imigwi yatwaye ibikombe mu bihugu vyabo muri Afrika (Coupe de la conféderation).

-Ugurisha abakinyi ba biri bayo muri Zesco United Enock Nsabumukama na Ntibahezwa Dieudonne.

2017-2018 Utahukana igikombe cayo ca mbere ca Primus Ligue.

-Usezererwa na Olympic Star mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

Ivyo bikaba bije inyuma yaho uyo mugwi wariko urigina itsinzi kuruyu wa gatandatu, y’igikombe cabo cambere ca Primus Ligue Burundi watahukanye. Ibi vyaranze uyo mugwi tubikesha umuvugizi wa Académie Messager, Elysé Niyubahwe.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: