Shaka Bienvenue yagaragaye mu mugwi wa Club Africain wo mugihugu ca Tunisie.

Shaka Bienvenue yoba agiye gukinira umugwi wo mubihugu vya barabu?

Umusatirizi w’Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 hamwe n’umugwi wa Aigle Noir FC, Shaka Bienvenue yaragaragaye kuruyu wa gatandatu yambaye umwambaro w’umugwi wa Club Africain igihe wariko uratana mu mitwe na Galatasaray mu rukino rwa kivandimwe, urukino Galatasaray yatsinze kimwe ku busa ca Club African (1-0).

Mururwo rukino Shaka Bienvenue yakinye iminota itari mike ndetse arahusha igitsindo ku mupira mwiza yarahawe n’umukinyi mugenziwe bakinana muri Club Africain.

Tugerageje kurondera umuco kubijanye n’uwo mukinyi ko yoba amaze kugurwa na Club Africain twarondeye Joslin Bipfubusa umumenyereza wa Aigle Noir FC nawe yagize ati « Ivya Shaka Bienvenue turabizi ariko ntibiraja kumugaragaro kuko haracariho ikibuze kugira ngo akinire uyo mugwi ariko nivyaja ahabona tuzobibamenyesha.»

Nubwo Joslin Bipfubusa yamenyesheje uko, ariko ayandi makuru twaronse nuko Club Africain yashize ahabona urutonde rw’abakinyi izokwifashisha, izina rya  Shaka Bienvenue rikaba ririmwo.

Tubibutse ko Shaka Bienvenue yabaye umusatirizi wa mbere yatsinze ibitsindo 29 muri Primus Ligue mu mwaka uheze.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: