Urukundo rwa Flambeau De L’est na Christian Kabera n’akaramata.

Christian Kabera Mourihno yagarukanywe muri Flambeau de L'est.

Umugwi wa Flambeau De L’est wo mu ntara ya Ruyigi washimye kugarukana ku ntebe y’ubumenyereza bwuyo mugwi Christian Kabera batazira « Mourihno » akaba yasinye amasezerano yo kumenyereza uyo mugwi ikiringo c’umwaka umwe.

Inyuma yo gutandukanya nuyo mugwi mugice ca mbere c’inkino zi higanwa rya Primus Ligue Burundi mu mwaka uheze, aca yigira ku menyereza umugwi wa Magara Stars, Christian Kabera yagarukanye kandi muri Flambeau De L’est. Uyu mwaka ukaba ari umwaka wiwe ugira gatatu agenda agaruka muruno mugwi. Urukundo rwuyu mugwi hamwe na Mourihno rwatanguye kugaragara cane igihe yafashe uyu mugwi kudakoroka icicaro mugihe wari mu bihe bitoroshe cane hari 2016.

Mwomenyako Christian Kabera Mourihno mu mwaka uheze ya menyereza umugwi wa Magara Stars wo mu Rumonge mu cicaro ca kabiri Ligue B, akaba amaze guca kandi mu migwi nka: Imboneza U-13, AS Ucom, Esperance Academy Kigali, Peace United, Butare City, Ngozi City, Delta Star na Magara Stars.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares