Urutonde rw’abakinyi Kayanza United imaze kugura hamwe n’imigwi abo bakinyi baje bavamwo.

Umugwi wa Kayanza United FC waraguze abakinyi bashika umunani bahora bakinira imigwi yo muri Primus Ligue.

Umugwi wa Kayanza United FC wo mu ntara ya Kayanza umaze gushikana abakinyi batari bake kugira ngo baze bawufashe muri Primus Ligue Burundi mu mwaka w’inkino wa 2018-2019. Uyo mugwi ukaba ahanini wa zanye abakinyi bahora bakina mu migwi yo mucicaro ca mbere.

Abo bakinyi, Kayanza United yaguze bashika kuri munani (8) nkuko  twabimenyeshejwe n’umumenyereza wuyo mugwi, Rukundo Jean De Dieu Doddy. Bamwe murabo bakinyi bahora bakinira imigwi itandukanye isanzwe ikina Primus Ligue hamwe n’umunyegozi yahora mu mugwi wa Mbao FC wo mu gihugu kibanyi ca Tanzania. Abo bakinyi hamwe n’imigwi bahoramwo naba bakurikira:

Nahimana Steve (Aigle Noir FC)

Rukundo Thérance (Aigle Noir FC)

Justin Havyarimana (Bujumbura City)

Yvan Rugumandiye (Mbao FC Tanzanie)

Hussein Ntahoturi (Athletico Olympic)

Moustapha             (Inter Stars)

Armel Ezra          (Ngozi City)

Leki                      (Mosso Sugar FC).

Mwomenyako umugwi wa Kayanza United utaraheza kugura abandi bakinyi, ukuba usigaje kuzana abandi bakinyi bashika kuri ba tatu nkuko vyamenyeshejwe n’umumenyereza wuyo mugwi Rukundo Jean De Dieu Doddy.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares