Shaka Bienvenue yasinye gukinira umugwi wa Etoile du Sahel wo mugihugu ca Tunisie.

Shaka Bienvenue yagaragaye mu minsi yinyuma muri Club Africain yasinye muri Etoile du Saleh.

Umusatirizi w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 hamwe n’umugwi wa Aigle Noir FC, Shaka Bienvenue yasinye amasezerano y’imyaka itanu yo gukinira umugwi wa Etoile Du Sahel wo mugihugu ca Tunisie nkuko vya menyeshejwe nuyo mugwi ubicishije kurubuga ngurukana bumenyi bwa Page Facebook yabwo.

Shaka Bienvenue asinye muruyu mugwi inyuma yaho yari yagaragaye yambaye umwambaro wa Club Africain wo murico gihugu nyene ndetse aranakina urukino rwakivandimwe uyo mugwi watanye mu mitwe na Gatasaray. Impamvu yatumye Club Africain itamugura ngo nuko umumenyereza wuyo mugwi atashimishijwe nuyo mukinyi gutyo Etoile du Sahel ibara iramuguze itabanje gukekeranya.

Mwokwibukako Shaka Bienvenue afise imyaka 18, akaba kandi yararangije ihiganwa rya Primus Ligue Burundi afise ibitsindo 29 mu nkino 30.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: