Amashengero 80 Akora Adakurikije Amategeko Yarugawe Kuri Uyu wa 4 n’Umushikiranganji w’Intwaro yo Hagati mu Gihugu.
Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje yuko amashengero ngaha mu gihugu c’uburundi agiye kurongogwa n’abarundi gusa. Ngo ikindi naco nuko abarongozi bamashengero bategerezwa kuba mu Burundi. Ngo nta muntu atwarira ishengero inyuma y’igihugu.
Amashengero 80 akora adakurikije amategeko yarugawe kuri uyu wa 4 n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Mu nama n’abarongoye amashengero umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yahaye amezi 4 amashengero adafise inyubakwa zibereye gusengeramwo.
Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje yuko amashengero ngaha mu gihugu c’uburundi agiye kurongogwa n’abarundi gusa. Ngo ikindi naco nuko abarongozi bamashengero bategerezwa kuba mu Burundi. Ngo nta muntu atwarira ishengero inyuma y’igihugu.
Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje kandi yuko mu gisagara ca Bujumbura hari amashengero ashika 80 akora inyuma y’amategeko hariho ayakora akoresheje bimwe bita sous couvert ngo ni ukuvuga yuko aba yahawe uburenganzira n’irindi nshengero ryemerewe. Ngo ivyo rero bavyiyamirije cane ngo aho bazosanga bariko barakora kuri sous couvet bazoca babugarira. Kuri abo ngo nta kiringo babahaye.
Ikiringo c’amezi 4 cahawe abasanzwe bakorera mu tuzu dusakajwe ibihunda. Kuri abo babahaye ico kiringo kugira ngo ayo mezi 4 azohere barangije gutunganya aho bakorera.
Nico kimwe n’abakorera mu mazu bapanze canke mu mazu y’abantu.
Pascal BARANDAGIYE yarangije amenyesha yuko hariho n’abakorerera mu kibabo ugasanga mu gitondo barahasengera, hama ku mugoroba bakahandandariza inzoga. Abo bose bahawe ikiringo c’amezi 4 kugira bisunganye barondera ahantu heza bakorera.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.