Kayanza United FC mu kino zine za kivandimwe umaze gukina umwimbu wifashe uku.

Umugwi wa Kayanza United FC umwimbu si mubi kandi si mwiza cane mu nkino za kivandimwe basanwze bakina.

                      Www.magaratimes.com

Mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ry’umwaka 2018-2019,  Umugwi wa Kayanza United FC wo mu ntara ya Kayanza uzokina icicaro ca mbere uno mwaka, umaze gukina inkino zine za kivandimwe.

 Kayanza United FC imaze kunganya inkino 3 zose, igatsinda urukino rumwe, ukaba waratanye mu mitwe n’imigwi isanzwe ikina icicaro ca mbere.

Uku niko vyagenze murizo nkino zine hamwe n’imigwi yahuye nayo.

Kayanza United FC 1-0 Flambeau Du Centre.

Kayanza United FC 2-2 Musongati FC.

Kayanza United FC 1-1 Messager Ngozi FC.

Kayanza United FC 2-2 Vital’0 FC.

Murizo nkino zine, umwimbu ntawo vuga ko ari mwiza cane canke mubi ugiye uraraba n’imigwi yatanye mu mitwe nayo ni mugihe Kayanza United FC iherutse kuduga icicaro ivuye muri Ligue B.

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares