Ndaye Chancel yahora akinira LLBS4A, yasinye gukinira umugwi wa Rukinzo FC.

Ndaye Chancel yiyongeye mu bandi bakinyi bariko bahunga umugwi wa LLBS4A.

Ndaye Chancel umukinyi w »inyuma wo kuruhande rw’iburyo yahora akinira umugwi wa Lydia Ludic Sports 4 Africa hamwe n’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20, yasinye amasezerano y’umwaka umwe yogukinira umugwi w’igiporisi c’Uburundi, Rukinzo FC iherutse kuduga icicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi.

Inyuma y’ikiringo c’imyaka ine (4) akinira umugwi wa Lydia Ludic Sports 4 Africa, Ndaye Chancel ashimye gutandukanya nuyo mugwi kuruyu wa mbere, ashima kwigira mu mugwi wa Rukinzo FC, ivyo bikaba bije inyuma yaho abakinyi batari bake ba LLB bamaze kwivira muruyu mugwi bungururiza muyindi aha turabona nkaba: Harerimana Rashid Léon yagiye muri Rayon Sports, Rugonumugabo Stéphane yagiye muri Inter Stars, Harerimana Moussa Hafidh yagiye muri Stand United hamwe na Moussa Mossi Hadji yagiye muri Inter Stars, Ndaye Chancel yiyongeye mu bandi bamaze gutandukanya LLB. Ayandi makuru nuko Rukinzo FC bivurwa ko ishobora guca izana mugenziwe bakina muri LLB Pascal.

Rukinzo FC n’umugwi wiwe ugira kane Ndaye Chancel agiye gukinira, kuko amaze guca mu migwi nka: AS Rangers umugwi yatanguriyemwo ivyo gukina, AS Tanganyika ahamara ikiringo c’umwaka umwe hama LLBS4A yakiniye imyaka.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: