Olympic Star: Nzeyimana Moussa niwe yasubiriye Siméon Barayandema.

Umugwi wa Olympic Star urasubiriye kwitunganya gushasha.

                                                                     Www.magaratimes.com

Umugwi wa Olympic Star warumaze hafi amezi atari make udafise inzego zikwiye, inyuma yaho umukuru wuyo mugwi Siméon Barayandema yatangarije icese yuko ahagaritse ivyo kuyobora uyo mugwi bivanye nuko atakirangurira imirimo yiwe ya misi yose mu ntara ya Muyinga aho asanzwe avuka. Kuruyu wa mbere abagize uyo mugwi bakoranye kugira ngo batore uwu musubirira, Nzeyimana Moussa niwe agiye kuyobora Olympic Star.

Nzeyiamana Moussa akaba agiye gufashwa n’ivyegera vyiwe bi biri, Bigirimana Désire icegera ca mbere asanzwe ari na musitanteri wa komine Gashoho, icegera ca kabiri n’uwitwa Issa Cayina, umunyamabanga mukuru nawe ni Nduwimana Pierre Claver hamwe n’uwujejwe ikigega Néstor.

Igikorwa ca mbere bafise nico gusubira kwubaka umugwi mu kuzana umumenyereza yoza gusubirira Nahimana Hussein Wello yarangije amasezerano nuyu mugwi ashima kwigira muri Musongati FC ndetse no kuzana abandi bakinyi mugihe biboneka neza ko bamaze gutakaza bamwe mu bakinyi bari bafitiye runini uyu mugwi nkaba: Mbazumutima Baba, Girukwishaka Fabrice, Pascal Ramadhan, Bizimana Joe bari mu mugwi wa Musongati FC ndetse na Patient Muhuza batazira « Zokora » nawe yavuye muruno mugwi.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: