Abavyeyi b’Abanyeshuri Babujijwe Gukora Ikibazo Ca Leta Ku Mvo z’Imishatsi Bidogera Iyo Ngingo.
Abo bavyeyi ngo bagatanzwa no kubona ari abigeme gusa bafatwa niyo ngingo ngo kuko umwana w’umuhungu n’umwana w’umukobwa barangana. Ngo abana bose mu mategeko barangana rero ntivyumvikana ingene bosohora abigeme gusa .
Abavyeyi b’abanyeshuri babujijwe gukora ikibazo ca leta ku mvo z’imishatsi bidogera iyo ngingo bavugako ari akarenganyo abana babo bagiriwe na cane cane ko iyo ngingo ifata abigeme gusa. Bakavuga ko badategera ingene iyo ngingo ifata abana bamwe ikareka abandi.
“Akamo k’umushikianganji twagaragakurije gusa ntidushobora kumenya igipimo.” Ivyo vyavuzwe n’umwe mu bavyeyi b’abana bankiwe gukora ikibazo. Ngo iyo ngingo iragoye mu gihe hari bamwe mu banyeshui bariko barakora ikibazo imishatsi isumba iyabo.
Uwundi muvyeyi ngo atangazwa no kubona abanyeshuri bankiwe gukora ikibazo ari abigeme gusa ariko bagenzi babo b’abahungu mbere bafise n’imishatsi isumba iyabo eka bateretse n’ubwanwa bo bari mw’ishuri bakora ikibazo ukuri kwamye.
Abo bavyeyi ngo bagatanzwa no kubona ari abigeme gusa bafatwa niyo ngingo ngo kuko umwana w’umuhungu n’umwana w’umukobwa barangana. Ngo abana bose mu mategeko barangana rero ntivyumvikana ingene bosohora abigeme gusa .
Abo bavyeyi basaba reoro yuko umushikiranganganji yoca inkoni ngufi ubwo busa bw’umusi umwe bakaburonka ntakundi hanyuma mugabo bashobore kubandanya ibibazo bashobore kuba kazoza k’ejo.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.