Umukuru w’Igihugu Yarashize Umukono kw’Itegeko Ribuza Gukoresha no Guhingura Ubumwanya Kuva kw’Igenekerezo Rya 8 Ukwezi kw’Umunani Uno Mwaka.

Nayo iyubahirizwa ry’iryo tegeko ibisata bitandukanye nka Douane, igipolisi kijejwe ibidukikije, n’imigwi y’ubushikiranji bujejwe ibidukikije, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’ubwamahinguriro nibwo bujejwe kwubahiriza iryo tegeko.

Umukuru w’igihugu yarashize umukono kw’itegeko ribuza gukoresha no guhingura ubumwanya kuva kw’igenekerezo rya 8 ukwezi kw’umunani uno mwaka.

Muri iryo tegeko nkuko tubisoma mu ngingo yaryo ya gatatu iryo tegeko ryerekana ko ugukora, ukwinjiza mu gihugu, ugushingura, ukudandaza no gukoresha ama sachet yose n’ibindi bikoresho bikozwe mu tumwanya bibujijwe.

Ingingo yaryo ya 4 iryo tegeko riha ububasha umushikiranganji ajejwe ibidukikije gushinga abicishije mw’itegeko nshikiranganji urutonde rw’ama sachets akozwe mu tumwanya akenewe gukoreshwa ku buryo budasanzwe mu Burundi.

Kuri urwo rutonde ruvugwa rw’ibikoresho bidasanzwe haribonekeza ibikoresho bikoreshwa kwa muganga, ibihingurigwa mu ma sachet bishobora kubora, ibikoreshwa mu ma hinguriro, ibikoreshwa mu gutekera imiti, imiringoti itwara amazi, n’ibikoreshwa mu kwubaka.

Iryo tegeko riravuga kandi ibikoresho mfasha nyigisho, n’ibikorehswa mu masuzumiro akora ubushakiashatsi.

Nayo iyubahirizwa ry’iryo tegeko  ibisata bitandukanye nka Douane, igipolisi kijejwe ibidukikije, n’imigwi y’ubushikiranji bujejwe ibidukikije, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’ubwamahinguriro nibwo bujejwe kwubahiriza iryo tegeko.

Mu ngingo y’indwi iryo tegeko ryerekana ko iyarara ryibikozwe mu kamwanya, amacupa akozwe mu kamwanya ategerezwa gusubizwa abadandaza akaba aribo bayabika bakayahinguramwo n’ibindi bintu canke bakabiha agaciro.

Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugi ryatewe ko umukono igenekerezo ryo kwa 8 kuno kwezi rivugako abafise imigambi yo gukora imifuko isubirira be n’ubwo bumwanya bukozwe mu ma sachet bashigikirwa.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.