Djuma Simpo yahora akinira Olympic Star yasinye muri Ngozi City.

Djuma Simpo umukinyi wo hagati yegukira Magara Stars yasinye muri Ngozi City.

Umukinyi wo hagati yahora akinira Olympic Star, Djuma Simpo amaze gusinya amasezerano y’umwaka umwe yo gukinira  umugwi wa Ngozi City FC.

                                               Umukinyi Djuma Simpo akiri muri Olympic Star

Uyo mukinyi aje gukinira umugwi wa Ngozi City mugihe yaramaze hafi amezi menshi adakina kuva aho Olympic Star yasezerewe na AL Hilal yo mugihugu ca Soudan muri Coupe de la Conféderation nawe yaciye ahagarika ivyo gukina yigira mukaruhuko.

Mwomenyako Djuma Simpo yegukira umugwi wa Magara Star FC nayo ikaba yaramuguze imukuye muri Nyanza United kuva  igihe yaguze izina ry’umugwi hamwe n’abakinyi bawugize bose.

Simpo amaze guca mu migwi itari mike nka: Les Guêpiers Du Lac yaciye ihinduka Buja City, Boundes yo mu Rumonge mu cicero ca kabiri, Olympic Star  yayiliniye hafi imyaka ibiri, Magara Stars, ubu naho agiye kwamba umwambaro wa Ngozi City.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: