Lolilo asaba abaririmvyi kubandanya bamuroga ariko ntaco bazoshikako.

Abaririmvyi barakora uko bashoboye kwose kugira ngo ampfe ariko ntibishoboka kubera ko arikumwe n'imana.

      Umuririmvyi w’umurundi, Niyonzima Nassor Salum benshi bazi kw’izina rya « Lolilo », Lizzo.Com canke Simba, asaba abaririmvyi kubandanya bamuroga akongera akabasaba kubwira n’abarozi babo kwongereza uburozi bamuroga ariko ntaco bazoshikako kubera ko arikumwe n’Imana.

« Ndazi impamvu nagize isanganya, abasani (Abaririmvyi) bagenzi banje barakora uko bashoboye kwose kugira ngo nje hasi, barakora uko bashoboye kwose kugira maramare, barakora uko bashoboye kwose kugira mpfe, ariko ntabwo banshoboye kuberako ndi kumwe n’imana, icarico cose bazokora ntaco bazoshikako, ahubwo bazobwire abarozi babo bongereze uburozi ntaco nzoba kuko ndi umuntu w’imana kandi imana irikumwe nanje ».

Ivyo akaba abivuze inyuma yaho agiriye isanganya avuye mu ntara ya Gitega kugira igiteramwo hari kuruyu w’imana, igiteramwo yaronsemwo abantu benshi cane, ivyo bigatuma abandi baririmvyi baterekwa kubona ateye imbere gusumba ngaho, nkuko yabandanije abimenyesha. Lolilo canke Lizzo.Com kuriryo sanganya ntaco yabaye kiretseko umuduga wiwe ariwo wononekaye.

 

 

 

                                    

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: