Kirundo yacumitse kimwe Ngozi, Rumonge yihanira Mwaro, Karusi ikwega amashati Muramvya.

Ukuniko imigwi y'intara ku batarenza imyaka 15 batsindanye.

Ihiganwa ku rwego rw’igihugu rya batarenza imyaka 15, rya bandanije kuruyu wa gatatu aho rigeze mudwi yaryo y’umunani, Rumonge U-15 ikaba yihaniye ibitsindo bi tatu kuri kimwe, Mwaro U-15 iyisanze iwabo, Kirundo U-15 nayo icumita igitsindo kimwe ku busa Ngozi U-15, Karusi nayo ikwega amashati Muramvya U-15 mu kunganya bibiri ku bindi bayisanze muhira, mugihe Rutana U-15 yari yihaniye Makamba ibitsindo bi tatu ku busa ariko basanga yakinishije abakinyi batasunzumwe ko bafise iyo myaka gutyo babahanisha impaga.

Muri Rusangi uku niko batsindanye murino ndwi y’umunani:

Buja Mairie I 1-1 Cibitoke.

Muyinga 2-0 Kayanza

Ngozi 0-1 Kirundo

Ruyigi 2-0 Gitega

Mwaro 1-3 Rumonge

Rutana 3-0 Makamba (Rutana yahanishijwe impaga)

Bujumbura Rural 2-1 Bujumbura Mairie II

Muramvya 2-2 Karusi.

Iryo higanwa ry’abatarenza imyaka 15 rizoca ribandanya itariki 18 Myandagaro 2018 rizoba rigeze mundwi yaryo y’icenda, mwokwibuka kandi ko iryo higanwa rigeze mu nkino zo gusubiriza.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: