Ngo U Burundi Nibwo Bugiye Kurongora Mu Kiringo c’Umwaka Umuryango w’Ibihugu Bihurira Ku Ruzi Nil.

Déo Guide RUREMA akaba yamenyesheje kandi yuko ikindi nuko u Burundi babusavye yuko muri kino kiringo bwoteguramwo inama y’abakuru b’ibihugu ico rero ngo n’umwitwariko bagiye kugira ariko ngo hanini bagiye no kuraba ingene abo bafashanya mw’iterambere boza nabo bagafashanya na cane cane bakaronka uburyo kugira ngo bashire imigambi y’ingene boteza imbere aka karere.

Ngo u burundi nibwo bugiye kurongora mu kiringo c’umwaka umuryango w’ibihugu bihurira ku ruzi Nil. Ivyo vyafundikiwe mu nama igira 26 y’abashikiranganji y’ibidukikije yariko ibera i Bujumbura kuri Hotel club du lac Tanganyika. Umushikiranganji w’ibidukikije  Déo Guide RUREMA akaba ariwe agiye kurongora uwo muryango.

Déo Guide RUREMA yamenyesheje yuko iyo nama yari ifise inyungu ku Burundi kuko buciye buronka intebe yo kurongora iyo nama nshikiranganji mu kiringo c’umwaka.

Ikindi yamenyesheje ngo nuko igihugu ca Soudan kigiye guhabwa intebe y’umurongozi uwo bita umu directeur exécutif azoba afise icicaro i Entebbe.

Ngo muri iyo nama bumvikanye rero yuko bagiye gukorera hamwe mu gushira inguvu cane cane mu bintu bijanye no gutanga intererano zisabwa ku gihugu kimwe kimwe kugira ngo ishirahamwe rya Initiative du bassin du Nil rigende ritera imbere ata numwe avuyemwo.

Déo Guide RUREMA akaba yamenyesheje kandi yuko ikindi nuko u Burundi babusavye yuko muri kino kiringo bwoteguramwo inama y’abakuru b’ibihugu ico rero ngo n’umwitwariko bagiye kugira ariko ngo hanini bagiye no  kuraba ingene abo bafashanya mw’iterambere boza nabo bagafashanya na cane cane bakaronka uburyo kugira ngo bashire imigambi y’ingene boteza imbere aka karere. Ngo amazi akaba amahirwe yo guhuza ibihugu biri muri uwo muryango kandi akaba amahirwe yo kuhagira imigambi y’iterambere ku benegihugu muri bino bihugu vyose bisangiye ako karere.

Tubamenyeshe yuko uwo muryango igizwe n’ibihugu 10.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: