Umukinyi wa kera wa Magara Star FC, Habimana Armel Chenko yasinye muri Ngozi City.

Ngozi City yaronse uwugiye gusubirira Congera Frank aherutse kuja muri Messager Ngozi FC.

Umugwi wa Ngozi City wo mu ntara ya Ngozi, wasinyishije amasezerano y’umwaka umwe umukinyi w’inyuma Habimana Armel Chenko, kuza gufata ikibanza ca Congera Frank yavuye muruyo mugwi aja muri Messager Ngozi FC.

 Chenko mu mwaka uheze yahora akinira umugwi wa BS Dynamik, mu cicaro ca kabiri. Muri Ngozi City aje gusanga uwundi mukinyi bakinanye muri Magara Star FC, Djuma Simpo nawene aherutse gusinya muruyo mugwi.

Soma Kandi: Djuma Simpo yahora akinira Olympic Star yasinye muri Ngozi City.

Habimana Armel Chenko, umugwi wa Ngozi City FC ubaye umugwi wiwe ugira gatandatu agiye gukinira. Amaze guca mu migwi nka: Nonoka FC, Rapido FC, Ligala’s FC yo mu ntara ya Kayanza, BS Dynamik yawukiniye ikiringo c’imyaka 2 hamwe na Magara Star FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: