Clasico ihuza Real Madrid na FC Barcelona irashobora kuzokinirwa i Los Angeles!

FC Barcelona zirashobora nkwisanga zihuriye muri Amerika muri El Clasico.

Urukino ruhuza imigwi ibiri y’ibihangange vyo mugihugu ca Espange, Real Madrid na FC Barcelona murukino bise « El Clasico » rusanzwe rurabwa n’abantu benshi kw’isi, urashobora kwemerako rushobora kuzokinirwa muri reta zunze ubumwe bw’amerika, USA?

Ivyo birashobora kuzoshika muri kahise kahafi kuko La Liga yasinyaniye amasezerano y’imyaka 15 y’imbere  n’ishirahamwe ry’abanyemerika ryishinze guteza imbere umupira w’amaguru mu gihugu  c’Amerika no mugihugu ca Canada.

Murimwe mu migambi iryo shirahamwe ryasinyaniye n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu gihugu ca  Espagne nuko buri mwaka hoza harakinwa urukino rwa La Liga murico gihugu kirongowe na Donald Trump, ivyo bikaba bigiye gutangurana uno mwaka nyene w’inkino mu gihugu ca Espagna mw’igiganwa rya La Liga.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: