Igiciro c’Ikawa Yumye Bita « WASHED » Gishizwe ku Mafaranga 1600 Ku kiro Ahabwa Umurimyi Yose ata kivuyeko.

Ngo ikawa "WASHED" yose iguzwe muri komine itegerezwa kurihishwa itagisi y’amafaranga 46 ku kiro imbere yuko ijanwa. Abunguruza ikawa "WASHED" nabo, iva mu Ntara ija mu mahinguriro yabakoborero bategerezwa gusaba urusha mu ntara rwerekana iyo ikawa ijanywe hisunzwe ifiche itangwa na ARFIC.

Igiciro c’ikawa yumye bita « WASHED » gishizwe ku mafaranga 1600 ku kiro ahabwa umurimyi yose ata kivuyeko, hisunzwe igiciro kw’isoko mpuzamakungu ya New York hamwe n’ubundi buryo bukenerwa mu kuyihingura kugeza ishoke hanze. Ivyo bikamenyeshwa n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ARFIC mu kiganiro ku ba menyeshamakuru kuri uyu wa kane. Emmanuel NIYUNGEKO yashikirije kandi ko kugura no kugurisha ikawa » WASHED » birekuwe kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika kw’igenekerezo rya 30 zukw’icenda uno mwaka.

Ngo imwe  mu zindi ngingo ARFIC yafashe nuko bibujijwe ko ikawa yunguruzwa inyuma yisaha 12 z’umugoroba ngo kandi ku rwego rwa komine umudandaza wese yipfuza  kugura ikawa « WASHED » ategereza gusaba uruhusha mu rwego rwa leta rubijejwe gukurikirana igisata c’ikawa ARFIC hariko ikidodo ca Komine.

Emmanuel NIYUNGEKO yamenyesheje kandi ko ku  rwego rw’intara umudandaza yipfuza kugura ikawa « WASHED » ategerezwa nawe nyene gusaba uruhusha muri ARFIC hariko ikidodo c’intara. Ngo ivyo rero biraba abadandaza banini bagura ikawa WASHED bakongera bakayijana kuyikoboza mu mahinguriro y’amakoborero.

Ngo ikawa « WASHED » yose iguzwe muri komine itegerezwa kurihishwa itagisi y’amafaranga 46 ku kiro imbere yuko ijanwa. Abunguruza ikawa « WASHED » nabo, iva mu Ntara ija mu mahinguriro yabakoborero bategerezwa gusaba urusha mu ntara rwerekana iyo ikawa ijanywe hisunzwe ifiche itangwa na ARFIC.

Emmanuel NIYUNGEKO yarangije amenyesha yuko bibujijwe ko ikawa yunguruzwa inyuma y’isaha 12 zo ku mugoroba. Agasaba abajejwe intwaro, inzego z’umutekano abakora mu gisata c’ikawa hamwe n’abenegihugu bose gufashanya kugira ngo izo ngingo zubahirizwe.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: