Flambeau Du Centre yatanguye ihiganwa rya Primus Ligue imaramazwa na Messager Bujumbura.

Messager Bujumbura yatsindiye ku kibuga Ingoma umugwi wa Flambeau du centre.

Ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ryatanguye icese mu mwaka waryo w’inkino wa 2018-2019 kuruyu wa gatanu hakaba hakinywe urukino rumwe rwabereye ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega rwahujije Flambeau Du Centre na Messager Bujumbura, urukino rukaba rwarangiye Messager Bujumbura imaramaje Flambeau Du Centre mu kuyitsindira iwayo kimwe ku busa (1-0).

Ico gitsindo kimwe rukumbi ca  Messager Bujumbura cinjijwe na Madja Junior Harerima cari igitsindo c’umupira w’interekano (Coup Franc) gutyo iminota 90′ irangira Messager Bujumbura itahukanye amanota atatu.

Izindi nkino zitegekanijwe gukinwa kuruyu wa gatandatu no ku munsi w’imana.

-Kuruyu wa gatandatu , itariki 18 Myandagaro 2018:

15H00: Ku kibuga Ingoma i Gitega: Aigle Noir VS Vital’0 FC.

13H00 ku kibuga Urunani mu Cibitoke: Bumamuru FC VS Rukinzo FC.

15H00 ku kibuga Urunani mu Cibitoke: Atheletico Olympic VS Ngozi City.

15H00 Ku kibuga Urukundo i Ngozi: Kayanza United VS Les Lierres FC.

Itariki 19 Myandagaro 2018 ku munsi w’imana hazokinwa inkino zi tatu (3).

15H00: Ku kibuga Ingoma i Gitega: Musongati FC VS Olympic Star.

15H00 ku kibuga Urunani mu Cibitoke: Bujumbura City VS Lydia Ludic S 4 Africa.

15H00 Ku kibuga Urukundo i Ngozi: Messager Ngozi VS Flambeau De L’est.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: