Imbere yo gutana mu mitwe na Olympic Star, Musongati FC wagize ibirori vyo kwakira abakinyi hamwe na Staff.

umugwi wa Musongati FC wagize ibirori vyo kwakira abakinyi n'inzego ziwugize.

Umugwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega, urongowe na Honorable Denis Karera wagize ibirori vyo kwakira abakinyi hamwe n’indongozi zigize uyo mugwi mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rishasha rya Primus Ligue Burundi umwaka 2018-2019 rimaze gutangura.

         Abakinyi ba Musongati FC hamwe n’imyambaro basanzwe bakoresha mukibuga

Ivyo birori bikaba vyabaye kuruyu wa gatanu munyubako z’ihoteri Helena iri  muriyo ntara, bikaba vyatumiwemwo abategetsi batandukanye bagize iyo ntara hamwe n’abanyamadini.

                    Abanyamadini hamwe n’abategetsi batandukanye bagize intara ya Gitega

Mwokwibuka ko Musongati FC imenyerezwa na Nahimana Hussein Wello yahora amenyereza umugwi wa Olympic Star, izokina urukino rwayo rwa mbere kuruyu w’imana igihe c’isaha icenda (15h00) ikazokwakira Olympic Star y’Imuyinga ku kibuga Ingoma.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: