Umuyobozi wa Olympic Star, Nzeyimana Msafiri afise ivyipfuzo vyo gutwara Primus Ligue.

Nzeyimana Msafiri yipfuza kurusha amateka Siméon Barayandema.

Umugwi wa Olympic Star hamwe n’indongozi zawo zishasha bafise ivyipfuzo vyo kuzotahukana igikombe ca Primus Ligue Burundi, nkuko bivurwa na Nzeyimana Msafiri aherutse kugenwa nk’umuyobozi mushasha wuyo mugwi.

Najewe nibaza ko ntaje kuwusubiza inyuma  ahubwo nje kuwuteza imbere, kuko we (Siméon Barayandema) urabonako yatwaye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, jewe kubwanje nari nipfuje yuko notwara igikombe ca shampiyona (Primus Ligue).

Nzeyimana Msafiri umuyobozi mushasha wa Olympic Star yaremesheje abakunzi buyo mugwi ko batogira ubwoba Mkuko aje gukorera umugwi basanzwe bakunda.

Abafise ubwoba borema, kuko tuje gukora dukorera umugwi dusanzwe dukuna, abafise ubwoba rero borema, sivyabindi ngo tuje kugira ngo umugwi ntukoroke ahubwo twipfuza ko umugwi uba uwambere.

Twobibutsa ko Nzeyimana Msafiri yagenywe na Buramatari w’intara ya Muyinga kuza gusubirira Siméon Barayandema.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: